Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ouattara mu rugendo mu Rwanda gutanga agashimwe Mo Ibrahima
Prezida Alassane Ouattara w'igihugu ca Côte d'Ivoire ari mu rugendo mu gihugu c'u Rwanda mu birori vyo gushikiriza agashimwe uwahora atwara Liberia Ellen Johnson Sirleaf.
Mu butumwa yacishije kuri Twitter, uwo mukuru w'igihugu agira ati:
"Nashitse i Kigali ku muhingamo kuri uno wa gatatu 25 ukwezi kwa Kane 2018 aho ntegekanya kuja mu birori vyo guhereza agashimwe ka Mo Ibrahim mugenzanje yahora arongoye igihugu ca Liberia Madamu Ellen Johnson Sirleaf."
Agishika mu Rwanda, Alassane Outtara yakiriwe n'abagize leta y'u Rwanda barimwo umushikiranganji w'imigenderanire n'ugufashanya Louise Mushikiwabo.