Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abatavuga rumwe na leta ya Cote d'Ivoire bapfunzwe
Igipolisi mu muji wa Abidjan muri Cote d'Ivoire cataye muri yombi abakuru benshi b'abatavuga rumwe na leta, bariko bariyamiriza guhindura ibwirizwa shingiro.
Abafashwe barimwo uwahoze ari umukuru w'inama nshingamateka, Mamadou Koulibaly, co kimwe n'abandi banyepolitike bazwi.
Biyamiriza integuro y'ibwirizwa shingiro rishasha bavuga ko rihengamiye umukuru w'igihugu Alassane Ouattara.
Iyo nteguro iramaze kwemezwa n'inama nshingamateka, ikaba ihindura ibisabwa kugira umuntu yitoze mu kibanza c'umukuru w'igihugu, rikanashirako kandi inama nkenguzamateka.
Abanye Cote d'Ivoire bazokwitaba amatora ya kamarampaka mu mpera za kuno kwezi, bemeze canke bahakane iyo nteguro.