Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanyekongo mu nkambi ya Kiziba mu Rwanda ngo baragoswe
Impunzi z'Abanyekongo ziri mu nkambi ya Kiziba mu Rwanda, ziravuga ko zitewe ubwoba n'igabwa ry'ingabo n'abapolisi mu nkengero z'inkambi.
Impunzi ziravuga ko zabonye abapolisi n'abasirikare baje bitwaje intwaro ku buryo budasanzwe mbere yo kugota inkambi.
Mu kwezi kwa kabiri, izi mpunzi zigaragambije zinubira byinshi mu bibazo zavugaga ko biziteye impungenge.
Birimo ngo gushyirwa muri gahunda za leta zirimo nk'ubudehe kandi atari Abanyarwanda.
Zinubiraga kandi ko ngo zishyirwa mu gisirikare n'igipolisi cy'u Rwanda.
Mu bigaragambije mu kwezi kwa kabiri uno mwaka, hishwe abagera kuri batanu nk'uko polisi y'u Rwanda yabitangaje, ariko HCR yavuze ko hapfuye 11.
Prudent Nsengiyumva yavuganye na Clemence Mukeshimana, umuyobozi wungirije w'inkambi ya Kiziba. Umviriza hano ikiganiro bagiranye