Impunzi 5 zahitanywe n'amasasu y'abasirikare b'u Rwanda

Abantu bashika kuri batanu baraye bishwe hafi y'inkambi y'impunzi z'Abanyekongo, igihe abasirikare b'u Rwanda bugurura umuriro ku mpunzi zari mu myiyerekano.

Ico gitigiri c'abantu batanu bahasize ubuzima gitangwa n'igipolisi c'u Rwanda, ariko impunzi zozo zivuga ko abahasize ubuzima ari benshi gusumvya ngaho, hakaba kandi hari n'abakomeretse bivugwa ko barimwo n'abapolisi.

Inkambi ya Kiziba iri mu karere ka Karongi muri Kibuye, ni imwe mu nkambi nini zizi muri ico gihugu, benshi mu bayibamwo bakaba bayimazemwo imyaka ishika 20.

Abagize imyiyerekano bavuga ko abajejwe intwaro mu Rwanda bababuza kwisanga mu kibano hamwe no kurondera akazi.

Ivyaraye bibaye nivyo biguyemwo abantu mu bisa n'imvururu vyari bimaze indwi, impunzi zivuga ko zirambiwe kuba muri iyo nkambi.

Impunzi z'Abanyekongo mu nkambi ya Kiziba zivuga kandi ko zinjizwa ku nguvu mu nzego zijejwe umutekano z'u Rwanda, ariko ivyo abajejwe intwaro barabihakana.

Uko vyatanguye

Mu mpera z'indwi iheze niho izo mpunzi zatangura gusaba kwimurirwa mu kindi gihugu canke gusubizwa iwabo muri Kongo.

Kuwa kabiri niho zimwe muri zo zafata urugendo zekerekeza ku biro bikuru vy'ishami rya ONU rijejwe impunzi mu muji wa Kibuye, zivuga ko zitaza kuhava zidatunganirijwe.

Nyuma y'inama kuri ico kibazo, HCR yavuze ko ataco ishobora kuzifasha zidasubiye mu nkambi ya Kiziba, kandi ko abataza gusubirayo baza kurabwa n'abajejwe intwaro mu Rwanda.

HCR kandi na leta y'u Rwanda bavuga ko ivyo gusubiza izo mpunzi muri Kongo bidashoboka ngo kuko umutekano mu karere zavuyemwo utaragaruka, ngo kandi ni igikorwa gisaba uburyo bwinshi no kwitegura gukomeye.

Bukeye kuwa gatatu, kiretse izo mpunzi zitavuye kuri ivyo biro, bangenzi bazo babandanije kuhashika ku bwinshi.

Ejo kuwa kane niho igipolisi gifatanije n'igisirikare, batangura igikorwa co gukura izo mpunzi kuri ivyo biro ku nguvu, habamwo gukoresha ivyotsi biryana mu maso hamwe n'amasasu nyayo.

Amafoto na za video vyerekana impunzi zakomeretse vyarakwirakwiye hirya no hino ku mbuga hwaniro, ariko abajejwe umutekano mu Rwanda bemeza ko ata rusasu na rumwe rwigeze rukoreshwa.

BBC ibandanya gukurikiranira hafi iki kibazo.