Inkino za Commonwealth: Abanya Cameroon 8 babuzwe irengero

Arcangeline Fouodji Sonkbou ari mu nkino zo guterura ibiremereye ari mu babuzwe irengero

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Arcangeline Fouodji Sonkbou ari mu nkino zo guterura ibiremereye ari mu babuzwe irengero

Abanya Cameroun umunani bari mu mahiganwa y'inkino za Commonwealth mu gihugu ca Australia ntawuzi iyo barengeye baja, nkuko abaherekeje umugwi bavuga.

Uwujejwe itangazamakuru Simon Molombe yabwiye BBC ko babifashe nko "gutoroka", kandi ko abo banonotsi babuzwe irengero urutonde rwabo rwashikanywe mu gipolisi ca Australia.

Abaterura ibiremereye batatu hamwe n'abaterana ibifunsi batanu, babonetse ubwa nyuma ku wa mbere no ku wa kabiri, niko yavuze.

Ubutegetsi bwa Cameroun buvuga ko uruhusha rwabo rwo kuguma muri Australia (visa) rurangira itariki 15 z'ukwezi kwa Gatanu.

Cameroun ntinezerejwe n'ivyabaye.

"Ubutegetsi burababajwe nukwo abo banonotsi bomotse - bamwe muri bo badahiganywe," niko Bwana Molombo yavuze.

"Twizeye ko bagaruka bagasubirana mu gihugu n'abandi."

Leta ya Australia yari yagabishije abanonotsi borenza igihe barekuriwe na "visa" baronse.

Ishirahamwe ry'izo nkino "Commonwealth Games Federation" ryavuze ko rigiye kubikurikirana ariko abanonotsi ngo bafise "uburenganzira bwo gutembera ata nkomanzi" ku ma "visa" bahawe.

Igipolisi ca Australia camenyeshejwe ivyabaye, nkuko umutegetsi umwe yabishikirije.

Mu 2012, abanya Cameroun indwi baratorotse bari mu nkino za Olympique i Londres mu Bwongereza.