Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intara ya Texas yashize igisirikare ku rubibe bahana na Mexique
Intara ya Texas yo muri Amerika iriko irashira abasirikare ku rubibe basangiye n'igihugu ca Mexique bivuye ku kamo ka prezida Donald Trump.
Umuvugizi wa gisirikare yavuze ko abagera ku 250 bashobora kurungikwayo gukizura muri ako karere mu masaha 72.
N'intara ya Arizona na yo nyene iriko iritegurira kurungika abasirikare 150 kuri urwo rubibe mu ndwi iza.
Prezida Trump yavuze ko ashaka kurungika abasirikare bashika ku 4000 gucungera urubibe bahana na Mexique, gushika icipfuzo ciwe co kwubaka uruhome hagati y'ivyo bihugu bibiri kigiye mu ngiro.
Intara za New Mexico na California na zo zasabwe gufata ingingo nk'izo za Texas na Arizona.
Ku musi wa gatanu kandi, prezida wa Amerika yaramenyesheje umugambi wo kurangiza ivyari bisanzwe bikorwa vyo "gufata ugaca urekura", mu ntumbero yo gukaza umugambi wiwe wo kurwanya abimukira.
Trump ashaka ko abimukira badaciye mu mategeko bagumizwa mw'ibohero mu gihe barindiriye ko bashobora gusubizwa inyuma haguca babarekura.
Prezida wa Mexique Enrique Pena Nieto yateye ivyatsi ico yise "inyifato igayitse" ya Trump.