Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abademokrate banse itegeko rizibira abimukira
Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika vyafatiye izindi ngingo urwaruka rutagira ivya ngomba harimwo ukwirukana abinjiye batabifitiye uburenganzira muri ico gihugu no kwubaka uruhome ku rubibe bihana na Mexique.
Prezida wa Amerika asaba ko hatangwa amahera yo kwubaka urwo ruhome, gusubizwa inyuma vyihuse abimukira hamwe no gutanga akazi kubaraba uruja n'uruza muri Amerika.
Mu kwezi guheze yarahagaritse umugambi Obama yari yarashizeho wakingira abimukira b'urwaruka bashika 690.000.
Mu nama nshingamateka, abademokrate biyamirije iyo nteguro y'itegeko.
Bagiriza Trump ko yisubiyeko kuvyo yari yemeye ko atazoshiramwo umugambi wo kwubaka uruhome muvyo bari bumvikanye ku mategeko mashasha yogenga urwaruka rw'abimukira.
Umugambi wa DACA (Deferred Action for Childhood Arrivals) washizweho mu 2012 ku butegetsi bwa prezida Obama, uzorangirana n'ukwezi kwa gatatu, ivyo bikaba biteye amakenga kuri kazoza k'abari bakingiwe n'uwo mugambi.