Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Daca: Trump ashaka gufuta umugambi w'ikigongwe ku rwaruka rw'abimukira
Prezida Donald Trump yafashe ingingo yo gufuta umugambi ukingira urwaruka rw'abimukira batagira ibibaranga "Deferred Action for Chilhood Arrivals" (Deca), nk'uko inkuru zibivuga.
Agiye guha amezi atandatu inama nshingamateka ngo yandike ayandi mategeko yosubirira Deca, nk'uko inkuru ziri mu bimenyeshamakuru muri Amerika zibivuga.
Iyo ngingo, yavuzwe ubwa mbere na Politico, ifatwa nk'umwumvikano muri benshi bashigikiye uwo mugambi.
Ariko inkuru kandi zivuga ko Trump ashobora kwisubirako kandi.
Vyitezwe ko ashikirizwa aho ahagaze kuri uyu wa kabiri.
Umugambi wa Deca ukingira urwaruka ibihumbi amajana n'amajana kugira ntibirukanwe ku nguvu kandi bagahabwa akazi n'uburenganzira bwo kwiga.
Politico bavuga ko ibiro vy'umukuru w'igihugu vyamenyesheje umukuru w'inama nshingamateka Paul Ryan ingingo ya prezidfa ku musi w'Imana mu gitondo.
Mu ndwi iheze, Ryan yasavye prezida kudafuta uwo mugambi avuga ko vyosiga habi urwaruka rwinshi cane.
"Aba n'abana batazi ikindi gihugu na kimwe, bazanywe ngaha n'abavyeyi babo, batagira ahandi muhira," ni ko yavuze.
Ryan n'umwe mu gitigiri kinini c'abashingamateka n'abagwizatunga bavugira ku mugaragaro ko bagwanya ifutwa ry'uwo mugambi.