Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afrika Yepfo: Winnie Mandela yitavye Imana ku myaka 81
Umukenyezi yagwanije intwaro karyanishamiryango ya "apartheid", Winnie Mandela yitavye Imana ageze ku myaka 81, niko umufasha wiwe yavuze.
Winnie Madikizela Mandela yari umugore w'umuperezida wa mbere w'umwirabure wa Afrika Yepfo, Nelson Mandela.
Yinjiye mu vya politike mu kiringo c'imyaka 27 umugabo wiwe Nelson Mandela yamaze apfunzwe, akaba yarigeze gufatwa nk'umuvyeyi w'igihugu.
Yarigeze kumara igihe asa n'uwupfunzwe ari wenyene, ari mu minwe ya leta y'inkehwa z'abazungu.
Yaragiye mu ngorane zitandukanye nk'igihe abamushigikiye bica abantu babambitse amapine mw'izosi, ico bise "necklacing".
Mu 1991 yaragirijwe kuba yanyuruje uwitwa Stompei Moeketsi - yahavuye atogwa yapfuye.
(Ubukwe bwiwe na Nelson Mandela bwahavuye busenyuka inyuma yaho apfunguriwe, munyuma bahukana mu 1996.)