Khalifa Sall agiye gupfungwa imyaka itanu ku giturire

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwe mu banyepolitike bakomeye mu gihugu ca Senegal, Khalifa Sall, yakatiwe igipfungo c'imyaka itanu amaze guhamwa n'icaha co kurya igiturire.
Urwo rubanza rutavugwako rumwe na bose, rwari rushikingiye ku kumenya ahagiye amahera ya leta imiriyoni zitata n'ibihumbi amajana ane vy'amadolari.
Bwana Sall, asanzwe ari umukuru w'igisagara ca Dakar, yahamwe n'icaha co gukoresha fagitire z'impimbano.
Yabonwa nk'umuntu ashobora kuzohangana bikomeye n'umukuru w'igihugu Macky Sall mu matora yo mu 2019.
Khalifa Sall ahakana ivyaha vyose yagirizwa kandi abamushigikiye bavuga ko uru rubanza rufise imvo za politike.










