Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ONU yagirije Kongo kunyegeza iyicwa ry'abari mu myiyerekano
Urwego rw'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rujejwe agateka ka zina muntu rwagirije igisirikare n'igipolisi vya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, kwica abantu 47 bari mu myiyerekano.
ONU ivuga ko izo nzego zijejwe umutekano zishe abo bantu mu mwaka uheze, zikagerageza kubihisha mu gutwara ibiziga vyabo.
Urwandiko ruvuga ko abajejwe intwaro muri Kongo bakoze ibishoboka vyose ngo banumye abatavuga rumwe nabo, ngo bikaba bikenewe ko haba vuba cane itohoza ataho ryegamiye.
Harabaye ibikorwa vyinshi vy'imyigaragamvyo muri Kongo kuva aho umukuru w'igihugu, Joseph Kabila, yankiye kuva ku butegetsi ikiringo ciwe giheze, haciye imyaka ibiri.
Ababikurikiranira hafi bavuga ko kuba bitagaraga neza aho Kongo iriko irerekeza mu vya politike, ari vyo biteje umutekano muke mu buseruko bw'igihugu.