Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo: Yegereyegere ku mugwa mukuru Kinshasa
Imirimo irimwo n'ubudandaji yahagaritswe ku mugwa mukuru Kinshasa muri RD Congo, aho amabarabara asa n'ayagaragara inyuma yaho imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ihamagarije yegereyegere y'iminsi ibiri.
Iyo migambwe yipfuza kugondoza Prezida Joseph Kabila n'abajejwe amatora ngo bashinge itariki y'amatora.
Ayo matora yari yategekanijwe mu mpera z'umwaka uheze ariko aracerezwa.
Bwana Kabila yategerezwa kuva ku butegetsi mu mwaka uheze, ariko avuga ko azobugumako gushika amatora abe.
Ku munsi wa mbere niburiburi abantu 12 barishwe mu makimbirane hagati y'inteko z'umutekano hamwe n'imigwi igwanya ubutegetsi.