Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umwe yapfuye abandi barakomereka mu myiyerekano muri Congo
Amakuru aturuka muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo avuga ko umuntu umwe yishwe i Kinshasa, abandi benshi barakomereka mu myiyerekano yo kwitamiriza Prezida Joseph Kabila.
Bivugwa ko abapolisi bakoresheje ivyuka bibaba amaso n'amasasu nyayo, mu gushwiragiza abari muriyo myiyerekano.
Iyo myiyerekano yabaye inyuma y'imisa yo ku munsi wa Mungu, mu duce twinshi tw'igihugu.
I Kisangani, abantu 15 barimwo batatu bo muri Ekleziya Gatolika bafashwe n'igipolisi.
Ubutegetsi ngo bwazindutse bushinga amabariyeri menshi ku mugwa mukuru Kinshasa, mu kugerageza kuburagiza iyo myiyerekano.
Ekleziya gatolika iridogera Prezida Kabila ku ngingo yafashe yo kuguma ku butegetsi, mu gihe ikiringo ciwe carangirana n'umwaka w'i 2016.
Muri rino joro, amajana y'abayoboke b'umugambwe uri ku butegetsi bari kuri katedarare ya Kinshasa mu ntumbero yo guhagarika imyiyerekano yari itegekanijwe.