Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umupolisi wa Kongo yishe uwigaragamvya yapfunzwe uwo guherayo
Umupolisi wo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo yarashe akica umuntu yari mu myiyerekano i Mbandaka, mu buraruko bushira uburengero, yakatiwe igipfungo ca burundu.
Bivugwa ko uwo mupolisi yarashe uwo muntu igihe yariko arataha muhira avuye mu myiyerekano.
Abantu babiri barishwe barashwe n'abajejwe umutekano mu myiyerekano iheruka ishigikiwe n'ishengero Gatolika.
Haciye amezi haza haraba imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila, yagumye ku butegetsi naho ikiringo ciwe caheze mu 2016.