Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo: Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Kabila
Abajejwe umutekano muri Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) barekuye ivyuka bibaba, bashwiragiza abanyagihugu bari mu myiyerekano ku mugwa mukuru Kinshasa, basaba Prezida Kabila ngo ave ku butegetsi.
Ayo makimbirane yabereye hanze y'isengero, aho abari mu myiyerekano bari biteguye kwiyunga n'abandi mu rugendo rwahamagajwe n'imigwi itandukanye irimwo abo muri Ekleziya Gatolika.
Ubutegetsi bwari bwagabishije buvuga kw'iyo myiyerekano itarekuriwe.
Leta yategetse ko umuhora wa "internet" wugagwa.
Iyo myiyerekano yahamagajwe mu ntumbero yo gusaba Prezida Joseph Kabila ngo ave ku butegetsi imbere y'amatora, hisunzwe amasezerano yapfunditswe n'abanyepolitike mu mwaka uheze.