ONU igabisha ko amahano akomeye ari mu kuba muri Kongo

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigabisha ko amahano ku kiremwa muntu atagira izina ari mu kwaduka mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.

Ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR, ryavuganye n'abantu bahunze bava mu ntara ya Tanganyika, bavuga amahano bahaboneye y'ubwicanyi bukomeye mu bigwati vyabo.

Bavuga ko kiretswe kwicwa, ngo abantu barasambanywa ku nguvu abandi bakanyuruzwa.

Ku banyagihugu bashika imiriyoni zitatu, abashika ibihumbi 630 bateshejwe izabo, ico gitigiri kikaba gikuvye kabiri icabonetse haciye amaze cumi n'ane.

Kuva mu kwezi kwa mbere, imirwano ikomeye yaradutse hagati y'igisirikare ca Kongo n'imigwi y'itwaje ibirwanisho yo muri ako karere.

Soma ayandi makuru kuri Kongo: