HCR itewe impungenge n'imvururu ziri mu buseruko bwa Kongo

Ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR, rivuga ko ritewe impungenge n'umutekano muke ukomeje kurangwa mu buseruko bwa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.

Mu ndwi imwe, abarenga igihumbi n'amajana abiri baramaze gufata ubwato bahungira muri Tanzania, benshi muri bo bakaba ari abagore n'abana.

Abarenga ibihumbi indwi bahungiye mu Burundi, bahunze imirwano hagati y'abasirikare ba leta n'umugwi w'abarwanyi.

Bamwe bivugwa ko bahunga ingo zabo kuko abarwanyi bariko barabinjiza ku nguvu mu mugwi wabo.

Umugwi wa ONU uhagarariye amahoro muri Kongo, MONUSCO, niwo munini kw'isi, ukaba ufise abasirikare 18.000, bakoresha amafaranga arenga umuriyaridi w'amadolari ku mwaka.

Ariko abarwanyi baranagavye ibitero ku barisikare bahagarariye amahoro.