Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gutteres: Ntawokwihanganira ingeso y'ubusambanyi mu mashirahamwe
Umunyamabanga mukuru wa Onu yabwiye BBC ko ata muntu yokwihanganira ingeso y'ubusambanyi mu mashirahamwe y'abagiraneza.
Antonio Gutteres yariko arashikiriza aho ahagaze, ku bivugwa ko hari abakozi bigenjeje nabi mw'ishirahamwe ry'abagiraneza Oxfam ryo mu gihugu c'Ubwongereza.
Yavuze ko ikibazo co guhohotera umuntu bishingiye ku gitsina, ari ikibazo kivugwa mu makungu, kigwiriye mu bakozi bari mu gisata c'iterambere.
Bwana Gutteres avuga ko ibiregwa Oxfam bidakwiye gufatwa minenengwe, ariko atera amashugwe ibikorwa vy'iryo shirahamwe, avuga ko ryagumye ryizegwa na Onu.
Yavuze ko icihuta ari gutunganya politike, yotuma abanyagihugu bumva ko bashobora kwizera amashirahamwe y'abagiraneza.