Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mexique: Abimukira 200 batowe mw'ikamyo
Abimukira barenga 200 batagira ibibaraga bo muri Amerika yo hagati babasanze binyegeje mw'ikamyo batagira ico barya n'amazi mu buraruko bushira ubuseruko bwa Mexico.
Abategetsi bavuga ko baasanze abapfasoni n'abana bituniye inyuma mw'ikamyo mu ntara ya Tamaulipas mu bumanuko bw'urubibe rwa Texas.
Bari baje bava i Guatemala, Honduras n'i El Salvador bagana igihugu ca Amerika.
Abantu batatu bafashwe bagirizwa urudandaza rw'abantu.
Abapoli bo muri Mexique bavuga ko iyo kamyo yahagaritswe kw'ibariyeri hanyuma ivyuma bipima vyerekana abantu binyegejemwo. Nta mazi, nta mfungurwa n'impwemu bari bafise.
Abategetsi bavuga ko abagera ku mirongo ibiri na bane muri bo ari abana batari kumwe n'abavyeyi.
Mu kwezi guheze, abantu barenga 170 batagira ibiaranga bo muri Amerika yo hagati barapfungiwe mu ntara za Coahuila na Tamaulipas.
Guatemala, Honduras na El Saalvador ni vyo bihugu bikunze kuvamwo abimukira bashaka kwinjira rwihishwe muri Amerika.
Prezida Donald Trump yariyemeje gutuza abimukira baba abaje mu mategeko canke abatayakurikije, kandi arabandanya umugambi wiwe udashigikiwe na bose wo kwubaka uruhome ku rubibe Mexique ihana na Amerika.