Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump: Uruzitiro hagati ya Amerika na Mexique ruzokoresha izuba
Prezida wa Amerika Donald Trump yabwiye abamushigikiye ko uruzitiro rwo ku rubibe rwa Mexique ruzoba rushobora kwakira imishwarara y'izuba.
Igihe yariko arashikiriza ijambo ku mugaragaro mu ntara ya Iowa, yavuze ko umuriro uzoba watanzwe n'imishwarara y'izuba uzogurishwa, gutyo bifashe kuriha amahera yo kwubaka urwo ruzitiro ruteye impari.
Yavuze ko ico ari iciyumviro ciwe: mubona atari iciyumviro ciza? Amashirahamwe menshi yarashize mu migambi yayo yo kwubaka urwo ruzitiro ivyuma bitanga umuyagankuba uvuye ku zuba.
Mu gihe c'imyiyayamamazo, Trump yiyemeje kwubaka uruzitiro ku rubie rwa Mexique kugira abuze abimukira bava muri ico gihugu hamwe n'igurishwa ry'ibiyayuramutwe.
Yavuze ashimitse ko azotegeka Mexique kuriha urwo ruzitiro, ariko prezida w'ico gihugu Enrique Pena Nieto yavyamiriye kure.
Trump yabwiye abantu isinzi bari baje kumusanganira muri iryo koraniro ko azoshikiriza iciyumviro ata hantu na hamwe bari bwacumve.
"Turiko turiyumvira ikintu twisangije, turavuga urubibe rwo mu bumanuko, hari izuba ryinshi n'ubushuhe bwinshi".
"Turiyumvira kwuhubaka uruzitiro rwakira umuyagankuba uvuye ku zuba, ku buryo ugurishwa, gutyo rukiriha rwo nyene. Aha Mexique itegerezwa kuriha amahera make, kandi nibaza ko ari iciyumviro ciza. sivyo?"