Arsenal yazanye Pierre-Emerick ku mahera itari bwatange

Ahavuye isanamu, Getty Images
Arsenal yapfunditse amasezerano n'umukinyi w'imbere Pierre-Emerick Aubameyang avuye Borussia Dortmund ku mahera itari bwigere itanga imiliyoni 56 z'amapawundi.
Arsenal yavuze ko uwo mukinyi yabaye uwa mbere mwiza ku mugabane wa Afrika mu 2015, yiyunze n'uwo mugwi "ku masezerano y'igihe kirekire".
Aubameyang yinjije ibitsindo 141 ku nkino 213 muri Dortmund kuva mu 2013, harimwo 21 mu nkino 24 uno mwaka.
Yarahagaritswe n'uwo mugwi wo mu Budagi inyuma y'urukino rwabahuje na Wolfsburg itariki 14 z'ukwezi kwa mbere yasivye inama.
Ntiyakinishijwe mu rukino rwa Hertha Berlin ariko akina mu rukino rwabahuje na Freiburg aho banganije 2-2.
Aubameyang yinjiye muri Dortmund avuye muri Saint-Etienne yo mu Bufaransa mu 2013.
Igihe yari mw'ihiganwa rya Bundesliga, yarafashije umugwi gutwara igikombe mu 2017.
Yaragenywe ka mukinyi mwiza wa Bundesliga mu mwaka w'i 2016.
Amaze gukinira umugwi w'igihugu ca Gabon inkino 56, yinjiza ibitsindo 23.










