Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Arabie Séoudite yagaruje amahera menshi yapoteye kubera ruswa
Ubutegetsi bwa Arabie Séoudite bwavuze ko bwashoboye kugaruza amahera angana na miliyardi 106 z'amadolari, yari yapoteye kubera ibiturire mu baganwa, mu banyepolitike n'abagwizatunga bari bapfunzwe mu kwezi kwa 11.
Ayo mahera yavuye mu nyubakwa, amahera avuye mu ngwati, amahera abona hamwe n'ibindi bintu.
Abashika 60 bari bapfungiwe i Riyadh barekuwe.
Bari bafashwe bitegetswe n'igikomangoma, Mohammed ben Salman, inyuma yaho ashingiye umugwi ugwanya ibiturire n'abanyuruza itunga ry'igihugu.
(Ubutegetsi buvuga ko ayo mahera yagaruwe azofasha imiryango ikenye.)