Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Arabie Séoudite yashize mu mvuto umuganwa yahohoteye abantu
Umuganwa wo mu gihugu ca Arabie Séoudite yashizwe mu mvuto ku bivugwa ko yahohoteye (mu bikogwa no mu mvugo) abantu benshi nkuko vyibonekeje ku masanamu ya "video".
Umwami Salman yategetse ko afatwa inyuma yaho amasanamu ya "video" aciriye ku mbuga hwaniro agahahamura abantu, igasigara ariyo nkuru ivugwa cane mu miryango y'abarabu.
Amafoto y'ifatwa ry'uwo muganwa akiri muto --afise imishatsi yirabura miremire, yambaye agapira kirabura -- yakwiragiye henshi, abayabona ku mbuga hwaniro baryohegwa.
Itegeko umwami yasohoye rivuga ko hagiye gufatwa ingingo zikingira umuntu uwariwe wese ntakoregwe amabi.