Igitero cahitanye 21 ku munsi w'umwaka mushasha muri Nigeria

Abantu bafise ibigwanisho bugururiye umuriro ku banyagihugu bari mw'isengero mu gatondo ka kare, bica 21 mu ntara igwiriyemwo ibitoro ya Rivers mu bumanuko bwa Nigeria.
Muri ayo makuru yashikiriye BBC aturutse ku muvugizi w'igipolisi, bivugwa ko abandi bantu benshi bakomerekeye muri ico gitero cabereye ahitwa Ogba-Egbema-Ndoni ku birometero 85 uvuye ku kivuko ca Harcourt, igisagara kigwiriyemwo ibitoro.
Ntawuramenya imvo zatumye ico gitero gikogwa, ariko igipolisi kiracahiga abakigavye.






