California: Umuriro Thomas ni wo wa mbere muri kahise k'iyo ntara

Ahavuye isanamu, NASA/EPA
Umuriro mwinshi cane umaze guturira amazu arenga 700 i California ni wo muriro wa mbere ukaze utari bwigere uboneka muri kahise k'iyo ntara.
Umuriro Thomas umaze guturira kilometero kwadarato 1000- akarere karuta ibisagara vya New York, Bruxelles na Paris vyose biri hamwe.
Uwo muriro wadutse i Santa Paula mu ntango y'ukwezi kwa cumi na kabiri uca utandukira uburengero uciye ku nkengera y'ibahari, umwe mu miriro ikaze utari bwigere uboneka i California muri aya mezi ya vuba.
Abagwanya imiriro y'ivyaduka ibihumbi n'ibihumbi barakwiragijwe kugira bahoshe uwo muriro.
Imiriro ikaze yarabonetse cane i California muri iki kinjana.
Abahinga bavuga ko ihindagurika ry'ibihe hamwe n'iyubakwa menshi ry'amazu mu bibanza bigaragara biri mu vyabitumye.
Ubu urubeya ruriko ruragabanuka kubera imvura hamwe n'umuyaga muke.

Ahavuye isanamu, MARK RALSTON
Igisata kijejwe kugwanya imiriro muri iyo ntara kivuga ko imbeya z'umuriro wa Thomas zimaze kuzimwa ku bice 65% kandi bikaba vyitezwe ko ugenda uragabanuka.
Imiriro ikaze cane 10 ni yo imaze kwaduka mu ntara ya California kuva mu mwaka wa 2000.
Ibiri mu myaka ya 70 n'uwundi waheruka mu 1932- umuriro Matilija, co kimwe na Thomas waturiye ibintu gushika mu karere ka Ventura County.










