Houston : 'Nta buryo na bumwe bwo kwirinda ko ihinguriro ry'ubumara riturika

Ahavuye isanamu, Google
Vyitezwe ko ihinguriro ry'ubumara ryegereye igisagara ca Houston muri Amerika riturika rice ryaka umuriro mu misi iri imbere.
Ikigo cyo guhangana n'ibiza muri Amerika kiravuga ko umwotsi uri kuva muri iryo hinguriro ryangiritse ari "mubi cane".
Umupolisi umwe uri aho yashyizwe mu bitaro nyuma yo guhumeka uwo mwotsi. Abandi 9 nabo bajyanywe mu bitaro ngo basuzumwe.
Mu gihe hariko haragwa imvura nyinshi ivanze n'igihuhusi ca Harvey, ihinguriro rya Arkema riri i Crosby ryaratakaje ubushobozi bwo gutuma inyubakwa y'arwo iguma imeze neza.
Nta buryo na bumwe buhari bwo kwirinda ko riturika, nk'uko bivugwa n'iryo shirahamwe.
Abantu bashika 33 barapfuye bazize ico gihuhusi ubu ikigo kijejwe ihindagurika ry'ibihe muri Amerika kivuga ko cagabanutse.
Ariko ico kigo citeze iyindi mvura nyinshi mu buseruko bwa Texas no mu burengero bwa Louisiana.
Ibigo bitanga umuyagankuba vyarononekaye kubera amashirahamwe yimba ibitoro yugaye mu karere ka Houston.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abajejwe kugwanya ibikorwa vyo kugwanya imiriro y'ivyaduka bariko baraca ku muhana ku wundi mu turere twasinzikajwe n'umwuzure i Houston ku musi wa kane, barondera abarokotse hamwe n'ibiziga vy'abitavye Imana.
"Tuzoca muri kaitiye ku yindi, umuhana ku wundi, turondere no mu maabarabara... kugira ntihagire umuntu n'umwe dusiga inyuma," ni ko Richard Mann, icegera w'umukuru ajejwe kugwanya umuriro yavuze mu kinyamakuru ca Chronicle.
"Iki n'igikorwa kigihe kumara hagati y'indwi na zibiri mu gushika mu turere twose twasinzikaye.

Ahavuye isanamu, Reuters










