Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afrika y'epfo: ANC iramutswa Cyril Ramaphosa
Abaserukira abandi mu mugambwe ANC muri Afrika y'epfo, batoye kuri uno wa mbere Cyril Ramaphosa ka mukuru mushasha w'umugambwe ANC.
Aba kandida babiri, Cyril Ramaphosa, ari nawe cegera c'umukuru w'igihugu, na Nkosazana Dlamini-Zuma yahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire, nibo bahiganirwa ico kibanza.
Bwana Ramaphosa yaronse amajwi 2440 mu gihe uwo bari bahanganywe Madamu Dlamini-Zuma yaronse amajwi 2261.
Umugwi ujejwe amatora wongeye umenyesha ko David Mabuza nawe yatsinze Lindiwe Sisulu mu kibanza c'icegera ca perezida wa ANC ku majwi 2538 ku 2159.
Hagiye haboneka ibibazo vya ruswa biregwa bamwe mu bayobozi ba ANC, barimwo perezida Jacob Zuma ubwiwe.