Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanye Ghana bari mu gihugu ca Libya batahukanwe
Abanye Ghana barenga ijana bari bapfungiwe muri Libya bagarukanywe mu gihugu cabo inyuma y'aho reta irungikiye indege yo kubatahukana.
Abo basore bari bagiye muri Libya bizeye gushika i Buraya ariko baca barafungwa nk'abimukira badakurikije amategeko.
Gutahuka kwabo kubaye bivuye kw'ishavu ryatewe na video yabonetse yerekana abanyafrika bariko baragurishwa nk'abaja muri Libya.
Abategetsi ba Afrika na Buraya baraganiriye kuri ico kibazo mu nama iriko irabahuza mu gihugu ca Cote d'Ivoire, bakaba bateguriye hamwe umugambi wo gutorera inyishu ico kibazo.