Libya: Amafoto y'amasoko agurishwamwo abaja yateye umubabaro mwinshi

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika (AU) ryerekanye ishavu ryinshi inyuma y'aho habonekeye amafoto yerekana abimukira bo musi y'ubugaragwa bwa Sahara bariko baragurishwa kw'isoko ry'abaja muri Libya.

Muri iyo video, yashizwe ahabona na CNN muri iyi ndwi, abasore baragaragara bariko baratezwa camunara nk'abakozi bo mu mirima.

Umukuru w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, prezida Alpha Conde wa Guinee, yasavye ko hotangwa ibihano kubagira urwo rudandazwa rwagahomerabunwa.

Abimukira bagerageza kuja i Buraya bavuga ko bafatwa n'ababajabukana u kinyegero bagategekwa gukora bahembwa make canke ata na kimwe bahawe.

Amasanamu yashizwe ahabona na CNN yerekana urwaruka ruva muri Niger np mu bindi bihugu vyo musi y'ubugaragwa bwa Sahara ruriko ruragurishwa ku madolari 400 umwe umwe, mu kibanza kitamenyeshejwe.

"Uko kugirwa abaja kwa none gutegerezwa kuranduranwa n'imizi kandi ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika rizokoresha uburyo bwose rifise," ni ko Conde yavuze.

Igihugu ca Libya catanguye amatohoza kuri ubwo bubisha, ni ko CNN yabimenyesheje kuri uyu wa gatanu.

Mu kwezi kwa kane, ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira (OIM) ryavuze ko ryegeranije ibimenyetso vy'abagirwa abaja muri Libya.

Uwurongoye iryo shirahamwe muri Libya, Othman Belbeisi, yabwiye BBC ico gihe ko abimikira bagurishwa bihweje ubushobozi bafise.

"Biboneka ko ata mahera bafise, kandi ko imiryango yabo idashobora kuronka amahera yo kubagombora, baca rero bagurishwa kugira babungukeko na make," ni yavuze.

"Igiciro kiratandukanye baravye ivyo ushoboye, nk'akarorero, mu gihe uzi gusiga inzu canke gusasa amakaro mu nzu, canke ukaba uzi gukora ikindi gikorwa neza, igiciro kigenda kiraduga."