Abanye Ghana bari mu gihugu ca Libya batahukanwe

Wahamiaji

Ahavuye isanamu, AFP

Abanye Ghana barenga ijana bari bapfungiwe muri Libya bagarukanywe mu gihugu cabo inyuma y'aho reta irungikiye indege yo kubatahukana.

Abo basore bari bagiye muri Libya bizeye gushika i Buraya ariko baca barafungwa nk'abimukira badakurikije amategeko.

Gutahuka kwabo kubaye bivuye kw'ishavu ryatewe na video yabonetse yerekana abanyafrika bariko baragurishwa nk'abaja muri Libya.

Abategetsi ba Afrika na Buraya baraganiriye kuri ico kibazo mu nama iriko irabahuza mu gihugu ca Cote d'Ivoire, bakaba bateguriye hamwe umugambi wo gutorera inyishu ico kibazo.