'Nagurishijwe nk'umuja incuro zitatu muri Tchad no muri Libya'

Ahavuye isanamu, Harun Ahmed
Harun Ahmed n'umwe mu bihumbi n'ibihumbi vy'abasore bo muri Ethiopia bagerageje gufata urugendo rurerure baciye mu bugaragwa bwa Sahara gushika muri Libya, bafise intumbero yo kuja i Buraya.
Ubu afise imyaka 27 akaba aba mu Budagi.
Yabwiye BBC ingene yaguzwe akongera akagurishwa incuro zitatu n'abadandaza abaja.
Rimwe na rimwe yarapfunzwe amezi menshi n'abari bamufashe ingwati, aragirirwa nabi harimwo no kumwima imfungurwa.
Iyi ni yo nkuru yerekeye ubuzima bwiwe.

Navukiye mu gace ka Agarfa mu karere ka Bale mu ntara ya Oromia mu gihugu ca Ethiopia.
Navuye muri Ethiopia nja mu gihugu ca Sudani mu 2013.
Inyuma yo kuba muri ico gihugu umwaka umwe n'amezi atari make, naciye ntangura urugendo rwo kuja muri Libya ndi kumwe n'abandi- twarishe amadolari 600 buri wese tuyaha abantu bari badutwaye.
Twari abantu 98 mw'ikamyo.
Twagize urugendo rw'imisi itandatu mu bugaragwa hanyuma dushika ahantu hamwe ku rubibe rwa Misri, Libya na Tchad, aho abo batwara abantu baca bagurana abo bamwe bose bazanye.
Twari twahuye n'ingorane nyinshi mu nzira.
Hari abantu bitwaje inkoho bashobora kuduhagarika mu bugaragwa bukwi na bukwi badutwara ibintu vyose.
Vyabaye ngombwa ko bicaranako kandi ubushuhe bwari bwinshi cane gose.
'Ntibari bameze nk'abantu'
Muri ako karere ko ku rubibe, umugwi w'ibisuma waraduteye udutwara twese muri Tchad' Batugendesheje imisi ibiri mu bugaragwa batujana mw'ikambi yabo.
Bari bafise inkoho nyinshi. Bavuga icarabu hamwe n'izindi ndimi.
Barazanye imodoka bavuga ko abashobora kuriha amadolari 4.000 muri twebwe umwe umwe bashobora kwinjira muri iyo kamyo.
Ariko ko abatabishoboye batava ngaho.
Nta mahera nk'ayo twari dufise ariko twaciye tuvugana hagati yacu, dufata ingingo ko twigira nk'abayafise hanyuma twinjire muri iyo modoka.
Twaciye tugenda iyindi misi itatu gushika mu karere bagurishirizamwo abimukira.

Abari badufashe batubwiye ko bari batuguze amadolari 4.000 umwe umwe ko tutabarishe ayo mahera badashobora kuturekura.
Hariho abandi bimukira bava muri Somalia na Eritrea bari bamaze ngaho ikiringo kirenga amezi atanu.
Bari barasinzikajwe bameze nabi cane. Ntibaboneka nk'abantu.
Na twebwe twaramerewe nabi cane.
Badutegetse kunywa amazi ashushe avanze n'ipeteriri kugira tubarihe twihuta.
Baraduha imfungurwa zike cane, incuro imwe ku musi.
Bratumereye nabi cane.
Bamwe mu bimukira bo muri Somalia na Eritrea barungikiwe amahera n'imiryango yabo barashoboye kugenda.
Ariko Abanye Ethiopia 32 na jewe ndimwo, twahamaze imisi 80 kubera tutashobora kubariha.
"Mutaduhaye amahera yacu, duca tubagurisha," ni ko abo badandaza abantu batubwiye.
"Twari tumaze amezi abiri tutaronka indya, twari tumerewe nabi cane, kubera uko tumeze, umugabo batujanyeko ngo atugure yaranse avuga , 'nta n'ifyigo basigaranye'".
Uwundi muntu wo mu kindi gisagara ca Libya kizwi kw'izina rya Saba yaciye aza atugura amagolari 3.000 umwe umwe.
Ariko i Saba, inyuma yo kugira urugendo rw'imisi ine, twarasinzikarijwe ubuzima bikomeye.
Baradusinzikaje, badupfunga ibintu vya plastike mu mutwe, batubohera amaboko mu mugongo bakaza baradubika imitwe yacu mu bikono binini vyuzuye amazi.
Bayadutamwo bakoresheje imigozi.
Inyuma y'ukwezi kumwe dukubitwa, bamwe muri twebwe twarashoboye kuvugana n'incuti n'abagenzi dukoresheje telefone turaronka amadolari 3.000 twategerezwa kuriha.
Baraturekuye ko tugenda ariko tutarashika kure, abandi bantu baraduteye baradufata badufungira mu nzu nini isa n'iyo babikamwo imizigo.
Batubwiye ko tutabahaye amadolari 1.000 umwe wese batazoturekura.
Twabandanije kugirirwa nabi. Twarahamagaye imiryango yacu iwacu kandi tubasaba ko borungika amahera kandi. Baragurishije ibitungwa boroye, amatongo n'ibintu vyose bari batunze, bongera kuturungikira amahera.
Ibiranga impunzi
Mu nyuma twagiye mu gisagara ca Trablois aho abimukira benshi baba.
Aho ibintu vyari mitenda gato.
Twarakoze akazi amezi menshi, ubuzi bwose twaronka hanyuma turajabuka ibahari Mediterranee tuja I Buraya.
Ubwa mbere nashikiye mu Butaliyano, hanyuma ndabandanya njabuka mu Budagi.
Ndashimira Imana ko ko nashoboye kuronka ivyangombwa biranga impunzi, ubuzuma bumeze neza, ariko sinshobora kwibagira ivyo naciyemwo.

Ahavuye isanamu, Harun Ahmed
Mvugishije ukuri, ico nabura igihe nava mu gihugu canje bwari ubumenyi bwo gukora ibintu gusa.
Nari gushobora kuja kw'ishure canke nkakora akazi iwacu.
Narabona abantu bahunga, uravye n'uko politike yari yifashe, nanje bituma nshaka guhunga igihugu canje.
Umwe mu bagenzi banje twamuhamvye ku rubibe rwa Misri na Libya.
Abandi babiri twatandukanye turi i Saba sinzi ko bakiriho.
Uwundi mukobwa yakorokeye mw'ibahari ya Mediterranee ariko abandi barashoboye gushika i Buraya.










