Amerika isaba isi yose guhagarika urudandaza na Korea ya ruguru

Amerika yeteye akamo ibihugu bitandukanye guhagarika imigenderanire na Korea ya ruguru, nk'ingingo yo kwiyamiriza igeragezwa ry'ibisase rimaze imisi rikorwa n'ico gihugu.
Uwuserukira Amerika muri Onu Nikki Haley, yasavye ivyo mu nama y'ikitaraganya y'akanama ka Onu kajejwe umuteno kw'isi iriko irabera mu gisagara ca New York.
Umupfasoni Haley yavuze ko prezida wa Amerika yasavye prezida w'Ubushinwa Xi Jinping guhagarika urudanda rw'ibitoro na Korea ya Ruguru, nk'uburyo bwo gushira mu ngiro ibihano vyafatiwe ico gihugu.
Duciye kuri ivyo bihano vyo gufatira Koreya ya ruguru dutegerezwa guhagarika ibice 60% y'urudandaza n'ico gihugu hamwe n'ibice 30% vy'igitoro.
Igihugu ca mbere kigurisha ibitoro muri Korea ya ruguru.

Mu mwaka wa 2003, Ubushinwa bwarahagaritse kujana ibitoro muri Korea ya ruguru, hanyuma inyuma gato, ico gihugu caciye cemera kuja ku meza y'ibiganiro.
"Dushitse ahantu dusaba Ubushinwa ngo bufate ingingo ruhasha, ni ngombwa buhagarike guha ibitoro Korea ya ruguru," ni ko Haley yavuze.
Abagize akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi barahurira mu gisagara ca New York kuganira kuri Korea ya ruguru iguma igerageza ibisase bishika kure.
Umuvugizi w'umunyamabanga mukuru wa Onu Stephane Dujarric, yavuze ko Antonio Guterres yateye ivyatsi ivyo bikorwa vya Korea ya ruguru yongerako ko ari kurenga ku ngingo zafashwe n'akanama ka Onu kajejwe umutekano.










