Korea ya ruguru: Dushobora gutera ahari ho hose muri Amerika

Ahavuye isanamu, Reuters
Korea ya ruguru ivuga ko yashoboye kugerageza igisase gishika kure cane gishobora kurasa ahari ho hose ku butaka bwa Amerika.
Imboneshakure y'ico gihugu yavuze ko Korea ya ruguru yashoboye gushika kuvyo yashaka, kuba igihugu gifise ibigwanisho ruhonyanganda.
Ico kisase citwa Hwasong-15 Korea ya ruguru ivuga ko ari co gisase gifise inguvu nyinshi catewe mu mwiza mu gaturuturu ko ku musi wa gatatu.
Cakorokeye mu mazi y'Ubuyapani ariko caciye mu kirere kure cane gusumba igisase ico ari co cose ico gihugu ubu gifise.
Ikigo co kumenyesha amakuru ca KCNA cavuze ko ico kisase caciye mu kirere ku birometero 4.475 gica kigenda ibindi bishika 950 mu minota 53.
Ico kisase carashwe mu kirere nticaciye mu kirere c'Ubuyapani nk'ibindi bisase bindi mu misi iheze vyaguye ku birometero 250 hagufi y'inkengera y'ico gihugu mu buraruko, nk'uko abategetsi b'Ubuyapani babivuga.

KCNA kivuga kandi ko prezida wa Korea ya ruguru yari yishikiye kuraba ingene ico gisase giterwa yatangaje "n'ivyishimo vyinshi" ko ubu dushitse ku ndoto zacu twari tumaranye imyaka myinshi zo kuba igihugu gifise ibigwanisho ruhonyanganda.
Iyo nkuru ivuga ko nk'igihugu gifise ibigwanisho ruhonyanganda kandi gikunda amahoro, Korea ya ruguru izokora uko ishoboye kose mu gufasha kugarukana amahoro no kuyabungabunga kw'isi.
Yavuze ko, ibigwanisho vyo kwikingira Amerika ata n'umwe bizorabishwako mu gihe uburenganzira bwacu bwubahirijwe. "Iryo ni ryo tangazo ryacu".










