Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani yiyemeje guhangana na Korea ya ruguru

Prime Minister Shinzo Abe looks on as he puts a rosette on the name of a candidate who is expected to win the lower house election

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Shinzo Abe yahamagaje amatora mu ntango y'ukwezi kw'icenda

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe yiyemeje guhangana bikomeye na Korea ya Ruguru inyuma yo kuza mu kibanza ca mbere mu matora yo ku musi wa Mungu.

Shinzo Abe yahamagaje amatora rusangi kugira Ubuyapani buhangane n'ibibazo bibuhanze harimwo n'igihugu ca Korea ya ruguru.

Ibimenyeshamakuru bivuga ko urunani rwa Abe rwatahukanye ibibanza bibiri vya gatatu mu nama nshingamateka.

Ivyo rero biha akaryo Abe gusubiramwo ibwirizwa shingiro ry'inyuma y'ingwano ya kabiri y'isi yose.

Umushikiranganji wa mbere yarateye akamo ko igisirikare cosubirwamwo, ingingo iteye impari avuga ko bikenewe ko umutekano w'igihugu ukwiye kwongerezwa.

Inyuma y'ayo matora Abe yavuze:"Nk'uko navyemeye, intumbero yanje ikomeye n'uguhangana na Korea ya Ruguru."

A girl casts her father's ballot for a national election at a polling station in Tokyo, Japan October 22, 2017

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibimenyeshamakuru bivuga ko urunani rwa Abe rwatsinze ibice bibiri kuri bitatu vy'inama nshingamateka