Prezida Trump yasuzuguye umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May

Rais Trump n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Rais Trump n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May

Prezida Donald Trump wa Amerika yabwiye umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May kwitaho cane ivyerekeye iterabwoba muri ico gihugu hakumunebagura ku kungene yakwiragije video z'imigwi ya 'extreme droite' yigisha urwanko.

"Nturabe cane jewe, niwiteho iterabwoba rikwiragizwa n'imigwi ifise ivyiyumviro bikaze ribera muri ico gihugu", ni bwo butrumwa yamurungikiye kuri Twitter.

Prezida wa Amerika yaheruka kurungika video zitatu zibiba urwanko zari zashizwe ku rubuga rwa Twitter n'iyo migwi mu gihugu c'Ubwongereza.

Umuvugizi w'umupfasoni May yavuze ko uwo mukuru w'igihugu yagize amakosa.

Amerika n'Ubwongereza biracuditse bikoye kandi bivuga ko ubwo bucuti "budasanzwe".

Theresa May yabaye umutegetsi wa mbere wo mu bindi bihugu yabonanye na Trump mu bureau vyiwe muri Maison Blanche.

Ubutumwa bwa Twitter bwanditswe na Trump

Ahavuye isanamu, Twitter

Insiguro y'isanamu, Ubutumwa bwa Twitter bwanditswe na Trump

Video zakwiragijwe na Trump afise abamukurikirana imiliyoni 40 zari zashizwe kuri Twitter na Jayda Fransen, icegera c'uwurongoye umugwi wo mu Bwongereza witwa Britain First, umugwi watangujwe n'abayoboke ba kera ba 'extreme droite' bo mu mugambwe wa BNP.

Umupfasoni Frensen afise imyaka 31 yaritwariwe mu Bwongereza yagirizwa gukoresha amajambo ateye ubwoba hamwe n'ibitutsi mw'ijambo yashikirije mu nama yabereye mu gisagara ca Belfast.

Abanyepolitike bo mu Bwongereza harimwo na musenyeri w'i Cantebury Justin Welby bavuze ko bibabaje kubona prezida Trump afasha kumenyekana umugwi ufise ivyiyumviro bikarishe.