Igipolisi cakoresheje inguvu mu kwirukana abiyamiriza Trump

Trump yakirijwe imyigaragamvyo muri Philippine

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Trump yakirijwe imyigaragamvyo muri Philippine

Ku murwa mukuru wa Philippine, Manila, igipolisi cakoresheje ibiduga bimijagira amazi mu kwirukana abaje kwiyamiriza Prezida Donald Trump.

Igipolisi cahagaritse abo bantu baje kwiyamiriza umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, batarashika ku biro biserukira ico gihugu.

Bwana Trump ari mu rugendo ku mugabane wa Aziya, akaba yari atandukiriye mu gihugu ca Philippine.

Abigaragamvya bari bitwaje ivyandiko bigira biti "Dump Trump" na "Down with US Imperialism", bisigura mu kirundi "Ta mw'iyarara Trump" na "Shira hasi intwaro y'ubukoroni."

Bahagaritswe n'igipolisi cakoresheje ivyuka bikoroza amarira hanyuma babamijagira amazi ategwa n'inguvu nyinshi hakoreshejwe ibiduga vyakorewe ico.

Soma izi nkuru nk'iyi: