Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urugero rw'impungenge kw'iruka ry'ikirunga ca Bali rwadugijwe cane
Imvura ikomeye yaguye kare icuvya gatoya ikirunga, gitangura kuruka iminyota y'urushugusho rukanye, ubu ruriko ruratemba ku micamo y'umusozi Agung.
Ivyo bishanga biteye bwa rushigisho rw'iminyota, vyatumye inzuzi zuzura, zitera imikuba y'amazi yiroha mu mirima y'umuceri.
Iyo mikuba izwi kw'izina rya 'lahars', ishobora kwonona ibintu vyinshi.
Abategetsi ba Bali biteguye kwimura ku nguvu abanyagihugu batijanye, kuko ngo impungenge zo kuruka kw'ico kirunga zishobora kumara igihe.
Ikibuga c'indege kuri iryo zinga ubu kirugaye, ingenzi nyinshi zikaba zagomye mu bibanza zari zatembereyemwo.
Ico kirunga catanguye gusohora imipfunda y'iminyota, yakurikirwa no guturika kwashobora kwumvikana kugera ku birometero 12, ivyatumye bikeka ko bishobora gukurikirwa no kuruka gukomeye kw'ico kirunga.