Urugero rw'impungenge kw'iruka ry'ikirunga ca Bali rwadugijwe cane

Bali /Agung

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Iminyota ituruka mu musozi wa Agung ihuye n'imishwarara y'izuba riserutse

Imvura ikomeye yaguye kare icuvya gatoya ikirunga, gitangura kuruka iminyota y'urushugusho rukanye, ubu ruriko ruratemba ku micamo y'umusozi Agung.

Ivyo bishanga biteye bwa rushigisho rw'iminyota, vyatumye inzuzi zuzura, zitera imikuba y'amazi yiroha mu mirima y'umuceri.

Iyo mikuba izwi kw'izina rya 'lahars', ishobora kwonona ibintu vyinshi.

Iminyota Lahars.

Ahavuye isanamu, BNPB

Insiguro y'isanamu, Iminyota itose -'lahars' ituruka mu misozi itera inmyuzure mu kiyaya

Abategetsi ba Bali biteguye kwimura ku nguvu abanyagihugu batijanye, kuko ngo impungenge zo kuruka kw'ico kirunga zishobora kumara igihe.

Ikibuga c'indege kuri iryo zinga ubu kirugaye, ingenzi nyinshi zikaba zagomye mu bibanza zari zatembereyemwo.

Ico kirunga catanguye gusohora imipfunda y'iminyota, yakurikirwa no guturika kwashobora kwumvikana kugera ku birometero 12, ivyatumye bikeka ko bishobora gukurikirwa no kuruka gukomeye kw'ico kirunga.