Zimbabwe: Ignatius Chombo araye mu mvuto

Ignatius Combo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ignatius Combo (hagati) ashika muri sentare

Uwahoze ari umushikiranganji w'ikigega ca leta muri Zimbabwe araye mu mvuto, aho arindiriye urubanza kw'ipfungwa ry'agateganyo canke kuburana yidegenvya.

Uwuburanira uwahora ari umushikiranganji w'ikigige ca leta, umushingwamanza Lovemore Madhuku, avuga ko Ignatius Chombo yari yafashwe mu ntango z'uku kwezi.

Ngo yabanje kuvuzwa imvune yakuye mu gasho ka gisirikare yabanje gupfungirwamwo, kuko amagara yiwe atari ameze neza.

Ariko mu ntahe y' icese y' uno munsi ngo ntaho vyagaragara ko yoba yarishwe urubozo.

Uwo mushingwamanza yemeza ko bwa Chombo yafashwe nabo cane, nk'uko bikunze kugendera n'abandi bateye kubiri n' ibikorwa vyo kwivangwa kw' abasirikare.

Hagati aho, sentare ntahinyuzwa y'ico gihugu yashikirije ingingo yayo ku gikorwa ca gisirikare co gupfunga icamaso perezida Robert Mugabe no kumutegeka gukinjura.

Sentare yemeje ko ico gikorwa ca gisirikare cari gikurikije amategeko, nk'uko bitangazwa n'iyandikiro ry'abafaransa AFP.