Zimbabwe: abantu ibihumbi n'ibihumbi bari mu munezero wo gusezerera intwaro ya Mugabe

Ahavuye isanamu, EPA
Abantu bari mu munezero ni bo bagaragara mu mabarabara y'umugwa mukuru wa Zimbabwe, i Harare, bitwaje ivyandiko bisaba prezida Robert Mugabe gutanga imihoho, imyiyerekano yahindutsemwo ugukeza igisirikare camuhagaritse ku butegetsi.
Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko abari mu myiyerekano bagenga baragwa mu nda abasirikare.
Umugabo umwe yabwiye BBC ko uyu musi " ari uwo intango nshasha".
Abagwaniye intahe yo kwikukira- gushika mu mwaka uheze bari bashigikiye prezida- na bo nyene bavuga ko Mugabe ategerezwa kuva ku butegetsi.
Umugabo umwe yari mu myiyerekano yavuze:" Nk'umunye Zimbabwe, tubwiye igisirikare cacu tuti: Murakoze cane ku bintu mwakoze mu mahoro.
"Ubu rero harageze ko abanye Zimbabwe benshi bavuga: Mugabe ategerezwa kuva ku butegetsi kandi ategerezwa kubuvako. Ntidukeneye ko agaruka. kuri twebwe, n'ikiringo gishasha dutanguye.
"Kuri twebwe n'impera y'ubutegetsi bw'umukazo, ubu tukaba tugiye gusubirana Zimbabwe yacu.
Prezida Mugabe w'imyaka 93, yahora apfungiwe muhira iwe kuva igisirikare kimuhagaritse ku butegetsi ku musi wa gatatu, ariko ku musi wa gatanu yaragiye ahabona.

Ahavuye isanamu, EPA
Yarashikirije ijambo kuri kaminuza imwe aho hariko haratangwa impapuro z'umutsindo.
Grace Mugabe si ho yari ari. Vyibazwako yavuye mu gihugu ariko vyaramenyekanye ku musi wa kane ko ari muhira iwe na Mugabe.
Igisirikare catembagaje ubutegetsi inyuma y'amatati kuwosubirira Mugabe ku butegetsi amazeko imyaka 37.

Ahavuye isanamu, AFP
Yari yirukanye mu mabanga yiwe icegera ciwe Emmerson Mnangagwa mu ndwi iheze, bigaragara ko ariko aracira inzira umugore wiwe Grace Mugabe, arusha imyaka irenga 40, kugira abe ari we azomukorera mu ngata.










