Muri Zimbabwe baracaganira kw'itanga ry'imihoho kwa Mugabe

Bwana Mugaye yagiye ahabona bwa mbere uno munsi kuva aho igisirikare kimuhagarikiye

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Bwana Mugaye yagiye ahabona bwa mbere uno munsi kuva aho igisirikare kimuhagarikiye

Ibiganiro birabandanya muri Zimbabwe kuri kazoza ka Prezida Robert Mugabe nyuma y'aho igisirikare gifatiye ibintu mu minwe kuwagatatu.

Amakuru ataremezwa avuga ko amashami yo mu ntara y'umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF yatoye gukura icizere ku mukuru w'igihugu.

Bwana Mugabe bivugwa ko ashaka kubandanya arongoye igihugu gushika habaye inama idasanzwe y'umugambwe mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Nta mwumvikano arashikako n'igisirikare, mu gihe kimufungishije ijisho; hagati aho hakaba hatunganijwe igikorane co gushigikira igikorwa c'igisirikare ejo kuwa gatandatu.

Kare bwana Mugabe yagiye ahabona ubwa mbere kuva yasa n'uwukombowe, aho yaja kuri kaminuza i Harare kwitabira umuhango wo gutanga impapuro z'umutsindo.

Sama izindo nkuru nk'iyi: