Robert Mugabe ngo yarahiye ko atagenda avuye ku butegtsi

Prezida Robert Mugabe ngo yipfuza kuguma ku butegetsi gushika mu mwaka uza

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Prezida Robert Mugabe ngo yipfuza kuguma ku butegetsi gushika mu mwaka uza

Leta ya Afrika yepfo yavuze ko Prezida ahanzwe wa Zimbabwe, Robert Mugabe, ariko arabonana n'abaseruikira ibihugu vyo mu karere mu ntumbero yo kurangiza uruhagarara mu gihugu.

Yagiye ku cibare c'umukuru w'igihugu avuye aho asanzwe aba, aho amaze amasaha afungiwe icamaso n'igisirikare.

Nkuko amakuru ava mu begereye perezida abimenyesha, Bwana Mugabe ngo yoba yipfuza kuguma ku butegetsi gushika igihe c'amatora mu mwaka uza.

Ariko uwo bahiganwa, Morgan Tsvangirai, yamusavye ashimitse gutanga imihoho ku nyungu z'abanyagihugu.

Uwigeze kuba icegera ciwe, Joice Mujuru, yasavye ko hatunganywa amatora yokogwa mu mwidegemvyo, mu kuri kandi yokwizegwa na bose.

Urwo ruhagarara ruriko rurihwezwa mu nama y'abanyamuryango ba SADC mu gihugu ca Botswana.