Serena Williams yubakanye ku mugaragaro na Alexis Ohanian

Ahavuye isanamu, Getty Images
Serena Williams yagize ubukwe n'uwufashije gutanguza Reddit, Alexis Ohanian, ubugeni buri mu bukomeye bw'uno mwaka.
Abari ku rutonde rw'abatumire barimwo Beyonce, Kim Kardashian na Eva Longoria bari muri ivyo birori biteye igomwe vyabereye New Orleans ku munsi wa kane.
Icivugo c'ubwo bugeni cari "Ubwiza" n'"Igikoko" bukaba bwarimwo abatumire 200, nkuko amakuru y'ibinyamakuru avuga.
Agace kose k'igisagara karugawe kubera urwo rubanza rwabereye ahitwa Contemporary Arts Center.

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGES
Abandi batumire barimwo umukinyi wa tennis akomeye Caroline Wozniacki, Kelly Rowland, Ciara, La La Anthony na Anna Wintour akora muri Vogue, nkuko ikinyamakuru Daily Mail cabishikirije.
Amakuru avuga ko ubwo bukwe bwatwaye umuliyoni w'amadolari kandi abatumire bari basabwe kudatwara telefone ngendanwa bitewe n'amasezerano ababuteguye bagiranye na Vogue.
Abo bakunzi babiri bamenyesheje mu kwezi kwa 12 mu mwaka uheze ko bafashe icemezo co kubana bamaze amezi 15 bagendana.
Serena yibarutse umwana wabo w'umukobwa, Alexis Olympia, mu mezi abiri aheze.

Ahavuye isanamu, Instagram










