Ibintu 5 umuntu akwiye kumenya kuri Zimbabwe

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY
Mu gihe amakungu arindiriye kumenya ico igisirikare ca Zimbabwe kigiye gukora inyuma yo kwigarurira ubutegetsi no gupfunga icamaso Robert Mugabe, twaravye ibintu bitanu umuntu akwiye kumenya kuri ico gihugu.
1. Ubutunzi bwaratemvye
Igihugu ca Zimbabwe camye kija mu ngorane z'ubutunzi muri ino myaka cumi irangiye. Igitigiri c'abadafise akazi kigeze ku bice 90% kuva mu ntango z'uno mwaka. Amahera y'ico gihugu yarataye agaciro bituma Zimbabwe ihitamwo gukoresha amahera yo hanze.

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY
2. Mugabe ni umuntu yamye atera akavuyo
Uwo mugabo w'imyaka 93 yaratangaje abamugwanya mu kuba yagumye ku butegetsi igihe kirekire.
Mu gihe hagera igihe amakungu ntamuhe ni rwere, mu gihugu iwe bamubona nk'incungu yagwanije ubutegetsi bw'inkehwa z'abazungu.
We n'abamushigikiye bakoresha ubwicanyi mu kumugumiza ku butegetsi, bagakoresha uburyo bwa leta mu gukomeza umugambwe no mu kumushigikira.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yavuga ko azorekura ubutegetsi igihe amahinduka yariko arashinga mu gihe azoba yayarangije, ariko munyuma yarondeye kwishiriraho uwumusubirira, ivyo bikaba ari navyo vyakweze uruhagarara.
3. Igihugu gise abanyepolitike batavuga rumwe na leta
Kuva igihe Mugabe agiriye ku butegetsi ari umushikiranganji wa mbere ku ntwaro y'abakoroni b'ababongereza, hagumye haba abagwanya ubutegetsi bwiwe.
Yarahinduye ibwirizwa shingiro ngo yigire umukuru w'igihugu mu 1987. Mu 1999 niho umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi Movement for Democratic Change (MDC) wavuka, hatangura imyiyerekano n'amayegereyegere mu gihugu, ubutunzi buriko bugwa hasi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Uretse ubwicanyi bwakogwa n'ubutegetsi, Mugabe yarashoboye kuguma ku butegetsi mu kwigiza kure abansi biwe no gukumira abo bakorana. Icegera ciwe Emmerson Mnangagwa ni uwanyuma akuye mu mabanga, mu gihe kurondera kwisubiriza umugore wiwe, Grace, vyasa nuko yarenze akarimbi.
4. Umutegetsi mushasha agiye kuza nta kinini azohindura
Mu gihe uwuheruka kwirukanwa Bwana Mnangagwa yoba ariwe asubiriye Bwana Mugabe, inyifato yiwe ntaho yoba itaniye niy'uwahahora.
Ni umugabo nawe nyene yagwaniye ukwikukira, yamye ariwe bacako hagati y'igisirikare, igisata c'iperereza hamwe n'umugambwe Zanu-Pf. Bivugwa ko ariwe yategura amabi menshi yakozwe igihe c'intambara no mu guhiga abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
5. Biracashoboka ko mugabe aguma ku butegetsi

Ahavuye isanamu, Reuters
Abantu bashobora gusubirira Bwana Mugabe ntaho bataniye mu vyiyumviro vya politike.
Mw'itangazo ryasohowe, igisirikare cavuze ko gihiga "inkozi z'ikibi" zegereye umukuru w'igihugu, ko kidahiga Mugabe ubwiwe.
Birashoboka ko yogumizwa ku butegetsi, Bwana Mnangagwa asubijwe ku mwanya w'icegera c'umukuru w'igihugu mu ntego yuko yovamwo akamusubirira. Canke agashobora kuguma ku butegetsi nk'umukuru w'igihugu wo mu birori gusa (adafise ububasha na buke), abandi bakaba aribo bagenzura ubuzima bw'igihugu.










