Trump: Ubushinwa bushobora guheza ikibazo ca Korea ya Ruguru

Perezida wa Amerika Donald Trump yashimiye bivuye ku mutima umukuru w'igihugu c'Ubushinwa Xi Jinping, ivyo bikaba bihushanye n'ingene yamufata ubwa mbere ku bijanye n'aho Ubushinwa buhagaze ku kibazo ca Korea ya Ruguru no ku budandaji.

Yasavye ashimitse Bwana Xi "gukora cane" ngo agondoze Korea ya Ruguru ivavanure n'umugambi wa "nucléaire".

Perezida wa Amerika yashikirije ayo majambo i Beijing mu rugendo arimwo.

Abo bategetsi bamenyesheje ko bapfunditse amasezerano y'imiliyardi 250 z'amadolari mu gisata c'ubudandaji muri urwo rugendo rwa Bwana Trump, ariko ntawuzi ko yose ari amasezerano mashasha canke ko harimwo aya kera yasubiye gutangazwa.

Abo bakuru b'ibihugu bavuganye no ku kibazo ca Korea ya Ruguru mu gihe Ubushinwa arico gihugu ca mbere cinjiza amahera menshi mu butunzi bw'ico gihugu.

Yerekana ko ashigikiye vyukuri ico gihugu, Bwana Trump yavuze ko Ubushinwa "bushobora gutora inyishu vyoroshe kandi ningoga", ashaka kuvuga ku kibazo c'umugambi wa "nucléaire" gitegwa na Korea ya Ruguru.

Yongeye ati: "Mpamagariye [Bwana Xi] gukorana ishaka. Ndazi ikintu ku mukuru w'igihugu wanyu. Akoranye ishaka , bizokunda."

Yaboneyeho gushimira Bwana Xi ku bihe vyinshi amaze kuburagiza ubudandaji na Pyongyang.

Ku ruhande rwiwe, Bwana Xi, yavuze ko impande zose zizoguma zikora "mu kwubahiriza ibihano vya Onu no gutsimbataza amahoro" mu karere ka Korea.