Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania yirukanye abaregwa gushigikira ubutinganyi
Abashingwamanza batatu bo muri Afrika y'epfo bafatiwe muri Tanzania barungitswe iwabo, inyuma yo gufatirwa kimwe n'abandi 13 mw'ihoteri y'i Dar es Salaam.
Abo bantu bari mu nama bivugwa ko yari yahamagawe mu ntumbero yo kwihweza nimba ingingo ya leta ya Tanzania yo guhagarika bumwe mu bufasha bwo kwa muganga.
Mu ntango z'uyu waka, leta yarabujije ibikorwa vyo gutanga ubufasha ku bagwayi ba SIDA, amavuriro amwe amwe.
Ayo mavuriro aregwa ko ariko arafasha gukwiragiza no kwamamaza ibikorwa vy' abahuza ibitsina babisangiye, mu gihe muri ico gihugu bibujiwe n'amategeko.