Muri Somalia ibisasu vyahitanye benshi i Mogadishu

Al Shabaab iramaze kubagaba ibitero vyinshi i Mogadishu; aha ni igihe c'igitero c'igisasu mu kwezi guheze

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Al Shabaab iramaze kubagaba ibitero vyinshi i Mogadishu; aha ni igihe c'igitero c'igisasu mu kwezi guheze

Abajejwe umutekano ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, bavuze ko abantu bashika mirongo ibiri na babiri bahitanywe n'ibisasu vyaturikiye mu miduga ibiri.

Igisasu ca mbere caturikiye ku masanganzira yariko agendwa n'abantu benshi.

Amasanamu ku mbuga hwaniro yerekana ivyotsi vyinshi bifumbira mu kirere, bikaboneka gushika kure mu muji.

Igisasu ca kabiri caturikiye muri karitiye ya Madina gihitana abantu babiri.

Abaturikije ivyo bisasu ntibaramenyekana ariko umugwi wa ki Islam, Al Shabab, ushaka gutembagaza leta ishigikiwe na ONU, uramaze kugaba ibitero vyinshi i Mogadishu.

Soma ibindi kuri Somalia: