Somalia: US isabwa guhagarika al-Shabab gucukura Uranium

Abasirikare ba al-Shabab ngo boba barigaruriye akarere karimwo "uranium"

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba al-Shabab ngo boba barigaruriye akarere karimwo "uranium"

Ubutegetsi bwa Somalia bwasavye Leta Zunze Ubumwe za Amerika (US) "kurungika vyihuta abasirikare bofasha" guhagarika umugwi w'abagwanyi ba al-shabab gucukura "uranium" bayirungikira igihugu ca Irani.

Mw'ikete ryarungitswe, umushikiranganji w'imigenderanire, Yusuf Garaad, yavuze ko abo bagwanyi bamaze kwigarurira akarere kagwiriyemwo ubutaka bwa "uranium" kandi ko bamaze gutangura kubucukura.

Somalia ivugwa ko yoba ifise ubutaka bwo mu bwoko bwa "uranium" bufasha gukora ibigwanisho ruhonyanganda, nkuko ikigo mpuzamakungu kigenzura ubutaka nka mwenubwo "Agence Internationale de l'Energie Atomique" ryabishitseko, ariko rikavuga ko butaratangura gucukugwa ku mugaragaro.

Bino vyashikirijwe ntibirashobora guhinyuzwa, ntawuzi ingene ubwo bucukuzi butarekuwe n'amategeko bukogwa, n'ivyemezo Leta ya Somalia yoba ifise ko al-shabab iriko iracukura kandi ko igiye kurungikira ivyo yubuye muri Irani.

Muri iryo kete, bivugwa ko ico kibazo kirengeye inteko z'umuryango w'ubumwe bwa Afrika zikorera muri Somalia.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntaco ziravuga ku bijanye n'iryo kete, ariko itangazamakuru rya Amerika rivuga ko iryo kete ryashitse.

Abazi utuntu n'utundi bavuga ko iryo kete ryoba rifise intumbero yo kuzana abasirikare benshi ba Amerika muri Somalia, aho al-Shabab ihimiriza ubwicanyi.