Itohoza ku bazize kunywa amaraso y'abantu muri Malawi

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'igihugu ca Malawi, Peter Mutharika, yatanguje itohoza kw'iyicwa ry'abantu bashika batanu bahowe kunywa amaraso y'abantu mu mihango y'ubupfumu.
Hashizweko umukwabu mu bumanuko bw'igihugu kugira babuze imigwi y'abakora amarondo, guhohotera abantu bakeka kunywa amaraso y'abandi.
Ishirahamwe mpunzamakungu, ONU, ritewe impungenge n'umutekano, rikaba ryakuye abakozi baryo muri ako karere.
Muri Malawi abantu benshi bemera amarozi , cane cane mu turere two mu vyaro.
Soma ayandi makuru kuri Malawi ngaha munsi:










