Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Cote d'ivoire na Maroc birahatanira kujya mu gikombe cy'isi
Cote d'Ivoire yakomeje kwanikira amakipe yo mu itsinda rya C mu mikino yo guhatanira itike y'igikombe cy'isi cy'umupira w'amaguru.
Kubona ariko yaranganyije 0-0 na Mali bishatse kuvuga ko Maroc ishobora kuyicaho.
Moussa Doumbia wa Mali yarase igitego cyari cyabazwe.
Cote d'ivoire - yakinaga idafite abakinnyi benshi bayo by'ingenzi kubera imvune - igeze ku manota 8 mu mikino itanu.
Irarusha amanota abiri Maroc igomba gukina kuri uyu wa gatandatu iwayo na Gabon.
Dore uko byifashe muri iryo tsinda rya C:
Cote d'ivoire ifite amanota 8 ku mikino 5
Morocco ifite amanota 6 ku mikino 4
Gabon ifite amanota 5 ku mikino 4
Mali ifite amanota 3 ku mikino 5
Biragaragara ko Mali nta mahirwe isigaranye yo kuzakina mu mikino ya nyuma y'igikombe cy'isi iteganijwe umwaka utaha mu Burusiya.
Maroc nitsinda Gabon kuri uyu wa gatandatu, irahita ijya ku isonga ry'itsinda rya C kubera ko yaba irusha Cote d'ivoire inota rimwe.
Amakipe ya mbere muri buri tsinda atanu niyo azahagararira Afurika mu irushanwa ry'igikombe cy'isi ry'umwaka utaha.
Mu mpera za kino cyumweru hateganijwe indi mikino icyenda hirya no hino muri Afurika yo guhatanira itike yo kujya mu mikino ya nyuma y'igikombe cy'isi.